IKIRUNDI_news

Emelance Emy agiye gusubira kugaruka mu muziki

Inyuma y’imyaka yababa 3 adashira ahabona akaririmbo, umuririmvyikazi Emelance Emmy agiye kandi kugaruka mu muziki ndundi. 

Nkuko twabashije kubibona ku rubuga rwiwe rwa Instagram, uwo muririmvyikazi afise indirimbo nshasha iriko irategurwa, izoshirwa ahabona muri uku kwezi nyene igenekerezo rya 9/7. Iyo ndirimbo ikaba yahawe akazina ka “One Day”.

Ako karirimbo bikaba vyumvikana ko ubutumwa burimwo asa n’uwuhimiriza abantu basa n’abataye ivyizigiro guhaguruka bagakora, kuko nimba abandi barabikoze nabo bobishobora.

Amwe mu majambo yabashije kwumvikana mu gace gato yashize ahabona akaba yagize ati : “Haguruka Ubikore, nawe wobishobora, n’abandi barabikoze, nawe wobikora.”

Iyo ndirimbo ikaba ije ikurikira iyo yaheruka gushira ahabona yise “Hari vyinshi” yari yakoreye kwa Botchum , amasanamu akorwa na John Elarts. Ubutumwa bwumvikanamwo bw’ubwo kuvugira umwana atabashije kuronka akaryo ko gushigikirwa mu buzima.

Mwomenya ko uwo muririmvyikazi amaze gutahukana ubushimwe butari buke hano iwacu, burimwo ako yatsinze muri Africa y’ubuseruko , co kimwe n’ ako yatsindiye muri Afrika y’uburengero.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037