IKIRUNDI_news

Mb data ngo kutaba muri management n’ubwigenge buhambaye cane

Nkuko yama, Bucumi benshi bazi nka Mb Data arahakana akuma ko atazi icatumye avavanura n’inzu y’ubuhinyanyuzi MA Production, ariko akemeza ko icabiteye kizomenyekana igihe kigeze.

Uwo muririmvyi asanzwe uno musi yimenya vyose, avuga ko kuba atari musi y’uburongozi na bumwe ari ikintu ciza cane, kuko bimufasha gukoresha ubwenge bwiwe cane, noneho kugira ashitse indoto ziwe.

Yagize ati : “ Ubuzima bwo kuba ntariyo n’ubwigenge buhambaye cane gusumba, kuko Ndakoresha n’ivyipfuzo vyanje, n’indoto zanje kugira ngo ngere kuco nipfuza kugerako. ” 

Mwomenya ko Mb Data akaririmbo kiwe ka nyuma ari Shiwawa kasohotse haraheze ikiringo kirenga gato ukwezi, kakaba kamaze kurabwa n’abarenga 35,000 ku rubuga rwiwe rushasha kuko urwo yahora akoresha akibarizwa muri MA rwafashwe n’iyo nzu y’ubuhinyanyuzi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037