Inkino

Francine Niyonsaba yagirije CNO ko itigeze ibafasha

Umunonotsi rurangiranwa w’umurundikazi Francine Niyonsaba yagirije CNO ko ata kintu nakimwe yabafashije mu kubashigikira kugira bitegurire ihiganwa rya Jeux Olymlique Tokyo 2020.

Akaba yagize ati’’ CNO y’uburundi izotwara abanonotsi batigeze bashigikira mu myiteguro de A á Z? Murabo ntibizontangaza kubona les Officiels baba benshi kurusha abitanze kugira baserukire igihugu. None bazoba batugiye inyuma gukorayo iki?

Akaba yarangije agira ati ‘’ NB : Nari nabivuze ico bivako , bibaye uyu mwaka aho CNO yasubiye inyuma mukubura abanonotsi baserukira igihugu benshi .. Jeux Olympiques za Paris hoho bizokunyuka gusumba.”

Mwomenya y’uko abanonotsi bazoserukira Uburundi muri izo nkino za Jeux Olymlique Tokyo 2020 batarenga 4 gusa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037