IKIRUNDI_news

Diamond na Zari bamenewe agafu n’umukobwa wabo, avuga ivy’urukundo rwabo   

Umwana w’umukobwa w’igihangange Diamond Platnumz n’umunya Uganda,  Zarinah Hassan, aheruka kumena ubufu mu kuvuga ivy’urukundo rw’abavyeyi biwe.

Muri Video yashizwe ahabona n’uwo muvyeyi wiwe nyene, kuko ariwe asanzwe akoresha imbuga za Instagram z’abana biwe, uwo mwana w’umukobwa yumvikanye avuga ko abavyeyi biwe bari mu rukundo rukomeye.

Ico uwo mwana yashikirije kikaba kitaheze, kuko nyina yariko amufata amasanamu yaciye amuhagarika, asa n’uwubeshuza ivyo uwo mwana yarashikirije. Ariko uwo mwana akaba yaciye yicwa n’agatwengo agasa n’uwutwega nyina yari inyuma ya Camera.

Uwo mwana akaba abivuze mu gihe abatari bake babinuganuka na rirya aho aheruka muri Afrika y’epfo babonetse bari mu mwambaro watangaje abatari bake, naho mu nyuma hahavuye hamenyekana ko yari Film ya Netflix bariko bakinamwo uko ari babiri.

Mwomenya ko ubucuti buri hagati ya Diamond na Zari butavurwako rumwe, kuko bamwe babona ko bashobora kuba ari abakunzi ariko mu kinyegero.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036