IKIRUNDI_news

Abakunzi ba RFlow ngo Nibitege Ubugeni Vuba cane

Ubukwe bwa R Flow ngo ni vuba cane, ivyo nivyo uwo muririmvyi akaba n’umwanditsi wa My Pipo yaganirije umumenyeshamakuru Delicia, akorera imwe mu mboneshakure za hano iwacu.

Muri ico kiganiro c’iminota yababa 15, uwo muririmvyi yamenyesheje ko atari muri bamwe bagize imisi bavugwa ko batwarwa n’abakobwa b’aba Diaspora. Ivyo akaba yabivuze yisunze ko umukunzi wiwe uno musi bamaranye imyaka 4 ngo bamenyanye imbere yuko yerekeza inyuma ya Africa.

Yabajijwe ibijanye n’akazi k’uwo mwigeme, asanzwe ari umufana wa Delicia asanzwe akorera imboneshakure Isaac Tv, yamwishuye ko bidakunda muri kano kanya, kuko ari ubuzima bwiwe bwite, ata wundi ashaka kuzobibwira.

R Flow yabajijwe ikijanye n’ubugeni bwiwe, ubona ko muri ino misi abaririmvyi bagize imisi bariko bagira ubugeni ari benshi, yamenyesheje ko buzoba vuba, yongerako ngo Imana ibikunze (Inshallah). Yabajijwe imigambi amufitiye, avuga ko ari myinshi, naho adashima kuvugamwo n’umwe.

R Flow imbere yuko afatana n’uwo mwigeme avuga ko bamenyenyanye bakiri hano iwacu, ntiyigeze aboneka mu bigeme benshi, uwamenyekanye akaba ari Chany Queen bagendanye igihe kitari gito, mbere banakorana ibikorwa vy’umuziki bitandukanye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036