IKIRUNDI_news

Tanasha yumye yanka kuvuga ivy’uko Diamond atamuha indezo

Tanasha abarizwa muri Tanzania aho yajanywe n’isabukuru ryateguwe na Nandy, aho yanavuze ko azonakorana umuziki nawe, co kimwe n’abandi baririmvyikazi batandukanye mbere na Rayvanny nawe akaba ari mu baririmvyi yipfuza kuzokorana nawe kuko ngo bamaze kubiganiraho. 

Uwo muririmvyikazi yabajijwe ivyo yashikirije ku wahoze ari umukunzi wiwe banaronkana umwana, Diamond Platnumz, aho yavuga ko uwo mugabo ata rufaranga na rumwe aha umuryango ngo babashe gutungisha umwana.

Uwo muririmvyikazi yahavuye nawe aca akinjura yirukanga, asezera abamenyeshamakuru bariko bamuganiriza, yanka kugira ico abivuzeko.

Iryo rikaba ritabaye irya mbere uwo muririmvyi avugwako ivy’ukutagira ico ahaye abakobwa bavyaranye ngo babashe gutunga abana bavyaranye. Yaba Zari, yaba Hamissa co kimwe na Tanasha bose baramaze kubivugako ko haraho vyageze bakaba ataco bahabwa n’uwo muririmvyi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037