Uncategorized

Urwevu: Uburyo bw’ugutsinda bimwe twama tuvuga ngo ” Vyanse”.

insanamu ngereranyo y’umuntu aguma yibaza uko yositura inzitizi zimubuza gushika ku masonga

Umugabo umwe yitwa Vidal Sasoon, niwe yanditse mu rurimi rw,icongereza ati ”The only place where success comes before work is in the dictionary”. Nk’uko nzi muvyumva n’ukundusha biraboneka ko yameze nk’uwutebura yamara ashaka kuvuga ko ata success ishoboka utabize akuya.

Yamara rero igitangaza ntimukizi. Ni kuki uko kuri tukuzi yamara ugasanga abantu benshi ntituruhiye kworoherwa mu gushika kuvyo dushaka gushikako?

Icambere nahavuye nsanga koko ari co, n’uko, kenshi tutaba dufise ”isanamu itomanuye y’ivyo twifuza gushikako. Turaheza rero, ugasanga dutambuka nk’impumyi , tutabona neeza mu mutwe ico dushaka.

Iyindi nzitizi nayo ni ibisamaza. Aya ma telephones adutwara umwanya munini cane ku musi. Ufise telephone biroroshe gusamara ugasanga umusi urakujanye uko nyene.

Tworandura izo nzitizi gute?

Ijambo ry’Imana naho benshi bahavuye bagenda barariha agaciro gato, rizoruhira kugaruka abe ariryo abantu bose birukira bwa rukiza.

Shira mu mutwe ko ubaho umusi umwe

Uwu musi uriho niwo wawe gusa. Umwanya wawe ejo waraheze, uwejo haza nawo si rwawe kuko ntuzi ko uzowishikako. Kandi noneho, uko bimeze kwose, ikoreshwa ry’umwanya wawe ejo rirafitaniye n’uko uriko urakoresha umwanya wawe uwu musi.  Mu gisabisho, Umwami Yesu Christu yaduhaye, murabona ko ahagarara kuri uwu musi gusa. Burya mu buryo bw’impwemu birafise ico bisigura.

Tegeka umusi uko uza kumera

None ko ba sokuru badusigiye amajambo ngo” Vyanse” mwibaza ko bavuga iki? Kenshi umuntu arakubaza igituma utakoze ikintu ugaca wihutira kuvuga ngo ” Vyaranse”. Mugabo muri ako kanya uwoca akubaza ati ” ni ibiki vyanse” ugasanga ntushotse uronka ico uvuga.

None harya Yezu Christu yatubarira ko twosaba Imana ngo ” ntidutererane ibitwosha nabi” mwibaza ko atabivuga kuko abizi?

Ibitwosha nabi si abantu gusa, biri kune biri gutanu kandi na canecane mbere biva muri twebwe nyene. Ivyiyumviro vyacu.

Mu kiringo rero uvyutse ntutegeke umusi wawe ko wobaho uko wawuteguye, hari ibindi bintu bizoca biwugutegurira nyabuna.

None wobigenza gute?

Rara uzi ivyo uzokora bukeye. Hanyuma mu kiringo uvyutse, heza uvuge psaume 13, ushaka wongereko psaume 01. Uzoheza usange koko, uzibiye inzitizi zose guhava zikuzitira uwo musi.

Gerageza hama uzoshinge intahe!

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 55