IKIRUNDI_news

Ngo nta wobuza Drama T kubonana na Double Jay na Kirikou, kuko we aridegemvya

Ikinjura rya Double jay na Kirikou muri Bantu Bwoy ngo ntaco vyahinduye mu buryo ababona, ivyo vyashikirijwe na Drama T ubwiwe, kuko ngo kubwiwe bamye ari abavukanyi, kandi nta cahindutse, kuko inyuma y’umuziki ubuzima burabandanya.

Mu kiyago yagiranye na Alan the Real, uwo muririmvyi abarizwa muri Bantu Bwoy, yamenyesheje ko ubuzima yarabanyemwo n’abo basore babiri baheruka guha umugongo iyo nzu y’ubuhinyanyuzi yari imaze imyaka irenga gato 3 ibafise mu ntoke, ngo butari ubuzima bw’umuziki gusa, ariko ngo bari “ Abavukanyi”, bari abantu bikoreranira imitwaro, aho umwe n’uwundi yatura mugenziwe ibibazo yikoreye akabigira ivyiwe.

T yagize ati : “Barya ubwa mbere ntitwakorana umuziki gusa, bari bene wacu, ni babantu nshobora kwegera nkababwira ati mfise iyi ngorane, bakayigira iy’iwabo, bari abantu bashobora kumbwira ati je meze nkuku, ingorane zabo nkumva ko zari iziwanje. Twari tubanye neza cane.”

Muri ico kiganiro nyene, T yabandanije avuga ko kandi ata kamaro ko kwiteranya n’uwagize ico akumarira, canke uwo wagize ico umarira, kuko ibintu bitumuka nk’ifu y’imijira. Kubwiwe ngo inyuma y’umuziki azobandanye abane n’abo yegereye n’abamwegereye muri uno muziki, ngo nico gituma umuntu adakwiye guhandwa ku rurimi kandi amaguru ahari.

Yabandanije agira ati : “Inyuma y’umuziki ubuzima burabandanya, kandi umuntu afise ikintu yakumariye mu buzima, ntuze umwiteranyeko canke ntaze akwiteranyeko, kuberako ikintu kimara umwanya mutoya. Nshobora kuririmba, nkaririmba Imyaka 2, muga iyo myaka isigaye nzoyisigara mbaho gute? Nzobana na bande? Nzobana na bamwe banyegera, bamwe negera. Kwumva ko bafitanye ingorane na bariya, ni bariya, mu gihe ntaragiranira ingorane nabo jewe meze neza, kandi nabo nibumva bibateye ingorane kunyegera jewe, jewe nzobegera nta ngorane, kuberako bamye ari abavukanyi kuri jewe.”

Nayo ku bokwibaza ko hari uwohava amubuza kwegera abo yabanye nabo nk’abavukanyi, ngo boba bariko barihenda, kuko yamye yidegemvya, kuko ubuzima buri inyuma y’umuziki n’ubwiwe naho ubw’umuziki abuhamwo ikibanza abamusahiriza.

Yongeyeko ngo :“Oyaha nabo barabizi ko batobikora, kuberako jewe ndidegemvya, kandi nkora ikintu kubera ndagishatse, kandi mba nzi n’inyungu kimfitiye. Ndifatira ingingo, nta muntu numwe yigera ambwira ngo kora iki canke kora iki, hageze mu muziki ndakwubahiriza, mugabo hageze ku buzima bw’iwanje, it’s my Self.”

Muri ico kiganiro nyene, uwo muririmvyi yanaronse akaryo ko kumenya abakunzi b’ibikorwa vyiwe ko EP Revolution Rose yamaze gushirwa ku mbuga ngurukanabumenyi zisanzwe zigurisha umuziki, noneho akabasaba kumushigikira. S’ico gusa kuko yanamenyesheje ko hari amasanamu y’indirimbo 1 mu zibarizwa muri iyo EP azoshirwa ahabona.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036