IKIRUNDI_news

B Face ngo Kuronka ayo kuyigura s’irya mbere naho ayiguze

Kimwe muvyo yahorana ku mutima, no mu vyiyumviro camaze kushika, ico naco s’ikindi ni ukuronka ingendeshwa. Ico gikoresho B face avuga ko cabonetse hageze, kuko ikintu cose kizoshika igihe caco.

Mu kiyago na Juste Gael, uwo muririmvyi w’indirimbo ”Akakera” yamenyesheje ko kuba uno musi yaronse ingendeshwa, ngo yayironse ayikeneye ariko sico cari cihuta gusumba ibindi mu buzima, kuko atari irya mbere akoze mu ntoke amafaranga yogura imodoka.

“Iyo nari kugura imodoka nari kuyigura kera, wibaza ko ariho nkironka amahera yo kuyigura? Oyaha. Hari ibindi bibazo biba bikenewe mu muryango, ku ruhande rwawe, mu rudandazwa kanaka. Ushobora no gukora urudandazwa kanaka, rukakuzanira irya modoka nyene. ” 

Muri ico kiganiro, B Face yanabeshuje amakuru ko iyo modoka yoba yayihawe n’umukunzi w’indirimbo ziwe abarizwa mu buyapani, avuga ko iyaba aribo bari kuba ayimuhaye kuva kera, kuko barabona ko ayikeneye. “ Iyo bayimpa baba bayimpa kera, kubera barabibonye ko nari ndayikeneye kuva kera. ”

Muri ico kiyago nyene, B Face yanagarutse ku mpamvu atahora afata imodoka zitwara abantu rusangi [Bus] kuko ngo muri izo modoka bahahurira n’ibibazo bitagira uko bingana. Agatanga akarorero k’ibibazo bitagira uko bingana bahabarizwa, rimwe na rimwe baba batanafitiye inyishu.

Mwomenya ko uwo muririmvyi ari mu baririmvyi batari abo mu runganwe rushasha, ariko ari mu baririmvyi bamaze igihe bakora, ariko batari bwaronke akaryo keza ko kugira ico binjiza muri uno muziki. Ubu akaba aharurwa mu baririmvyi bifashe neza, haba ku ruhande rw’umufuko, co kimwe no ku ruhande rw’indirimbo asohora.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036