IKIRUNDI_news

Kuka Kuuba ngo ntibabifata nkuko bafata ivya Kigingi canke Senganzi

Nikobiba Akbar niko kazina Kuba Kuuba yahawe n’abavyeyi. Kuba akaba ari umwe mu barundi bagize imisi bariko baratwenza abantu haba mu biteramo canke ku mbuga ngurukanabumenyi nka Instagram.

Mu kiyago yagiranye na Indundi Magazine, yatubwiye ko amaze imyaka 4 akora uwo mwuga. Muriyo harimwo 3 yamaze akoresha agahamazo, hamwe n’umwe amaze uwo mwuga awukorera mu biteramo.

Kuba Kuuba yavuze ko asanzwe afitanye imigenderanire myiza n’abandi basanzwe bakora umwuga umwe. Iyo akeneye kugira ico bakorana ngo nta kibazo na kimwe baramwitaba.  Akaba yanagiriye avuga ko n’uwokwipfuza  kuja muri uwo mwuga, ngo barahawe ikaze, kuko uko baba benshi niko abafana babona ko ari umwuga, ariko kandi ngo ni naho akazi kaba kenshi (Deals).

Kuuba ati : “Uwushaka gutangura nomubwira nti nashiremwo inguvu, akunde akazi kiwe ka comedie, ntiyigane abandi, akore ivyiwe kuko harya nta wumiriwe. Uko aba Comedien baba banshi, niko isoko riba rinini, niko abantu babona ko turi serieux, ni nako ibintu bigenda neza.”

Muri ico kiganiro cabaye dukoresheje ubuhinga ngurukanabumenyi, twashatse kumenya uko abona abafana bitaho ibikorwa vyabo. Yavuze ati : “Kuri twebwe tukiri hasi, barabifata au Serieux mugabo si cane nkuko bafata ivya Kigingi canke ivya Senganzi, kuko babona umengo twe niho tugitangura, mugabo nuko nyene iyo abantu bataragutahura cane. Hari ababa bamaze kukwemera baba babona ico ushoboye gukora, biba vyoroshe, ari aka Marche gatoya urakaronka.”

Kuuba avuga ko iyo yipfuza gushika ngo ntarashikayo, kuko muvyo yipfuza ashaka kuzoserukira Uburundi mu makungu muri uwo mwuga, hampande y’ugushika no hagati mu gihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037