IKIRUNDI_news

Cedric yemeza ko Imiliyoni 160 zubatse inzu y’umuvyeyi wa Kaka Boney zavuye mu muziki

Inzu y’igorofa niyo umuririmvyi kaka Boney yubakiye abavyeyi bamwibarutse, akaba yayutse muri zone ya Kinama asanzwe avukamwo. Iyo nzu ikaba ishobora kuba ifise agaciro k’imiliyoni 160 z’amafaranga ya hano iwacu, yababa 53,000$.

Ku musi wo kwinjira iyo nzu y’agatangaza mu gace iherereyemwo, umuririmvyi w’inararibonye nkawe. Cedric Bangy, yagarutse ku nkomoka y’amafaranga yubatse iyo nzu, aho yamenyesheje ko yavuye mu muziki.

Muri ico kiganiro yariko aha abamenyeshamakuru, yanagiriye akeza Kaka Boney aho yavuga ko ateye iteka umuziki muri rusangi, kandi anatanze inyishu ku bahora bibaza ko umuziki ndundi ataco uha abaririmvyi.

Yagize ati : “Kaka boney ndamuteye amashurwe, kandi ndanamushimiye cane gose kuko ateye iteka umuziki muri rusangi kuko kenshi bakunze kuvuga ngo ababaririmvyi ntibubaka, ntaco babikuramwo, umuziki ntuhemba, nibaza ko iki ari icemeza yuko umuziki uhemba.”

Cedric yanagarutse ku bafise ingendo yo gutyoza abaririmvyi ndundi ko ari ba maboko, ko bakwiye gucira birarura, kuko ibikorwa babikora ukuri kwamya, akarorero keza ngo ni ico Kaka Boney akoreye abavyeyi biwe. “Babandi bari bafise ibizigizigi vyo gutyoza umuziki w’uburundi, ngo abaririmvyi turi ba maboko, ntaco dufise, ntaco tubikuramwo, ngirango iyo n’intahe y’inyishu nziza kuco umuziki w’Uburundi umariye umuririmvyi, n’abanyamuziki bawukora mu buryo bw’amafaranga.”

Cedric ntiyaretse kugaruka ku baririmvyi aho yavuze ko uno musi umuririmvyi afashe umuziki nk’akazi, akawushirako umutima, akawubaha, akubaha igihugu akanubaha n’abo awuha, ata nkeka nawo ugaruka ukamuha icubahiro. “Iki n’icerekana yuko umuziki uwukoze uwushizeko umutima n’inama, ukawukora wiyubashe, wubashe igihugu, wiubashe nabo uwuririmbira, n’icemeza yuko umuziki ushobora kugutunga ugatunga n’abandi, ushobora kugufasha, ugafasha n’abandi.”

Kaka Boney yubatse iyo nzu akaba amaze igihe kitari gito abarizwa muri Leta zunze ubumwe za amerika aho arikumwe n’umuryango wiwe. Ariko akaba adaheruka gushira ahabona akaririmbo na kamwe, kandi akaba ataho turabasha kubona umuziki wiwe udandazwa, mu bibanza bisanzwe bimenyerewe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037