homepageIKIRUNDI_news

Inka ngufi cane kw’isi yabonetse muri Bangladesh

Inka ngufi cane kw’isi yahora iri mu gihugu c’ubuhindi, ariko ngo vyahindutse kuko hari iyabonetse muri Bangladesh.

Iyo nka yahawe akazina ka Rani, ikaba iri mu gace ka Dacca muri Bangladesh, aho abatari bake mu banyagihugu babandanya kuja kuraba iyo nka y’akataraboneka.

Iyo nka irushwa n’iyahora Ari ngufi cane kw’isi ama sentimetero 10 (10cm) ikaba yamenyekanye cane inyuma yaho ibinyamakuru bitandukanye bitanguye kuvugira ivy’iyo nka.

Iyo nka ngufi cane uno musi ikaba ipima ama sentimetero 51 (51cm) y’uburebure (Hauteur) hamwe n’ama sentimetero 66 y’amakika (Longeur), ikongera igapima ibiro 26. iyo nka ikaba imaze amezi 23 gusa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686