IKIRUNDI_news

Abanyarusaku ngo nibareke kubesha ku camuhitanye

Abantu ngo nibagabanye urusaku bemere ivyashikirijwe na Nziza Desire ku cahitanye umutambukanyi wiwe. ivyo bishikirizwa na bamwe mu ncuti za Nziza.

Mu kiganiro na Isaac Tv, bamenyesheje ko Nziza Desire yamenyesheje ko Umuhisi Bijoux Nziza yahitanywe n’ingwara na Cancer, atari Uburozi nkuko bamwe bari batanguye kubinuganuga.

uwo munyamuryango yamenyesheje Kandi ko Umuhisi Bijoux yari yaranse ko hagira uwucira hasi ko agwaye ngo ambwire Nziza. imvo ngo kwari kugira ntibatume agira umutima uhagaze.

Bijoux ngo yasaba ko bomureka akazovyibonera agarutse, kuko yizera ko azogaruka yaramaze kumera neza.

Nayo Patrick umumenyeshamakuru wa More time Tv, akaba yamenyesheje ko amakuru baronse aruko muri uwo muryango wa Bijoux hari hama kwitaba Imana abashika 9 muri uno mwaka wa 2021.

Urubanza rwo guca ku mazi no kuganduka kuri uwo muvyeyi twabuze tutanka, bikaba bizoba kuri uyu wa mungu igenekerezo rya 25/7 mu nyakabiga mu Kibanza citwa Nirvana isaha 9 z’umuhingamo (3PM).

Mwomenya ko Nziza Desire na Bijoux bari bamaze igihe kiri musi y’umwaka bagize ubugeni.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037