IKIRUNDI_news

Urunwarunwa nirwo Alvin Smith yarakeneye ku bantu  

Ibura ry’amasamanu y’urubanza rwiwe ku mbuga ngurukanabumenyi asanzwe akoresha ngo vyari bifise impamvu, ivyo bishikirizwa na Alvin ubwiwe mu kiganiro aheruka guha mugenzi wacu akorera imboneshakure Umukubito.

Muri ico kiyago yagiranye na Just Gael, Alvin Smith avuga ko uno musi urubuga rwiwe rwa Youtube rumwinjiriza amafaranga, arico gituma ibintu yahisemwo kubisohora kuri urwo rubuga avyima imbuga zindi akoresha nka Instagram aho abantu bari baziteze.

Alvin Smith avuga kandi ko iburya ry’ayo mashusho yabikoze n’ibigurankana kugira abantu bavuge noneho, bahanahane ama Link kugira bikunde baje kuraba izo video zibarizwa ku rubuga rwiwe rwa Youtube.

Alvin Smith yanabandanije avuga ko mu misi ya Vuba agiye kuzosohora amasanamu y’urubanza rwiwe rwose ngo abantu babashe kuraba cane izo manza aheruka gukora.  Gutyo ngo abantu bazobona uo vyagenze muri iyo misi yose.

Mwomenya ko urubanza rwa Alvin Smith rutigeze ruboneka mu kinyamakuru na kimwe hano iwacu, nkuko bimenyerewe iyo umuririmvyi akomeye akoze igikorwa gikomeye nkico.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037