IKIRUNDI_news

Isango Langzy Mc yaduhaye ryabaye ntabanduka

Langzy Mc mu kiganiro twakoranye kuri indundi TV mwariyumviye vyinshi kuvyerekeye ubuzima bwiwe bw’umuziki.

Uretse ko abikorera muri Australia kure y’igihugu ciwe ntibimuca intege kubandanya akora.

Igihe twamubajije bishasha yoba ariko arategurira abakunzi biwe, yatubwiye ko vuba agiye gusohora igikorwa gishasha ku bakunzi biwe, yamara igikorwa cabonetse ko ari igikorwa yafashije umuririmvyi asanzwe aba mu Burundi yitwa VY.

Langzy ngo vyamuhaye umunezero aranashima kuyimenyekanisha kubera kubona ariko arizerwa n’abaririmvyi bo mu gihugu c’amavukoro.

Ururirimbo ruzwi kw’izina Rya “Time” yashoboye gukorerwa muri Bantu bwoy, uno musi igenekerezo rya 31mukakaro niho rwashizwe ku mugaragaro.

Bandanya kudukurikirana twarakwemereye y’uko umunyabuhinga wese iyari mu makungu nawe tutamwirengagiza Indundi Magazine, turi ngaha kubwanyu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036