IKIRUNDI_news

Uburundi ngo bwari bukwiye gukamisha abaririmvyi mvamakungu baza mu Burundi

Uko imisi igenda, niko igitigiri c’abanyamahanga batumirwa mu biteramo hano iwacu kibandanya kigwira, ico kigasigura kuza gukorera amafaranga hano iwacu noneho bakajana mu bihugu baba bavuye. Ariko abo baririmvyi akaba ata makori barihira ayo mafaranga y’umurengera baba bakoreye hano iwacu. 

Raphael Nyandwi benshi bazi Dj Rapha asanzwe ari umumenyeshamakuru akaba n’umusahirizi [Manager] w’umuririmvyikazi Natacha, avuga ko abaririmvyi b’abanyamahanga bari bakwiye kurihira amakori amafaranga baba baciye hano iwacu.

Mu kiganiro na Indundi magazine, uwo mumenyeshamakuru wa BETV yavuze ko hanakwiye ikigo kijejwe guha impusha abo baririmvyi baza gukorera ibiteramo hano iwacu nkuko no mu bindi bihugu babikora.

Yagize ati :“Nta rwego ruhari mu bisanzwe dusabirako impusha z’abaririmvyi bava hanze. Twebwe tumaze kuja mu bindi bihugu, hariho inzego usanga zihari zizwi na Leta aho udashobora kuja gukora igiteramo muri ico gihugu udasavye uruhasha. Bivanye n’amafaranga uza kuronka barakubwira bati hariho amafaranga uza gusiga mu gihugu. Rero ivyo mu Burundi nta vyabaho, kumbure sinzi ko bigeye gutangura, navyo vyoba vyiza.”

Uwo mumenyeshamakuru akaba abivuga yisunze ko ubu uruhusha rwonyene ruhari rusabwa umuririmvyi w’umunyamahanga ari urusabwa n’uwutegura igiteramo, aho nawe amenyesha abatwara igisagara ca Bujumbura canke intara ashaka gukoreramwo, n’abajejwe umutekano ko afise ibikorwa vy’umuziki yipfuza kuhakorera, none bakamuha uburenganzira bwo gukora.

Koriciza Clovis-Blaise asanzwe arongoye Now Creative isanzwe iri mu batunganya ibiteramo abaririmvyi mvamakungu  bakunze kwitaba, muri ico kiganiro na Indundi Tv, avuga ko hari n’uruhusha rwa Kabiri basaba arirwo rw’abinjira n’abasohoka. Yagize ati “Ku munyamahanga usaba Impusha 2,” Yongerako ngo : “ izo kwinjira mu gihugu, hamwe n’urundi rutuma akora”.

Mwomenya ko Abaririmvyi b’abarundi bama bidoga ko abategura ibiteramo babemba intica ntikize ugereranije n’amafaranga abaririmvyi b’abanyamahanga baba bahembwa mu gihe baba baje ngaha mu biteramo baba bateguriwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037