Inkino

Wari uzi y’uko umugwi intamba mu rugamba ata gafaranga waronse muri Ethiopie?

Umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba uza gushika i Bujumbura ku kibuga Melchior Ndadaye kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 03 Myandagaro 2021 isaha indwi 13h00.

Uwo mugwi w’intamba mu rugamba w’abatarenza imyaka 23 ukaba utahutse mu gihugu ata n’urupfaranga na rumwe wahawe co kimwe n’umugwi wa mbere Tanzania .

Intamba zikaba zararonse imidari gusa nk’uko bishikirizwa n’abari muri Staff y’intamba mu rugamba .

Ayo makuru akaba yemejwe n’umwe mu bantu basanzwe batunganya inkino za CECAFA Challenge Cup akaba ari umurundi akora mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru Youssuf Mossi , akaba yagize ati: “iri higamwa ntirifise abarishigikira (Sponsors), amashirahamwe y’inkino yonyene niyo yimenya.”

Mu bihugu 9 vyitabiriye iryo higanwa rya Cecafa Challenge Cup buri igihugu gitegerezwa gutanga amadorari y’amanya America ibihumbi 20,000$ kugira cemererwe kwitabira iryo higanwa .

Youssuf Mossi yongera avuga y’uko iryo higanwa ritwara amadorari atari musi y’ibihumbi amajana ane 400,000 $ .

Mwomenya y’uko muri ayo mahiganwa ya Cecafa Challenge Cup -23 umunyegori Rukundo Onesime ariwe yatowe nk’umunyegori yavyifashemwo neza gusumba abandi bisigura y’uko nawe nyene atagafaranga yaronse.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037