IKIRUNDI_news

Akababaro ku bari abatumire muri Kigingi Summer Comedy

Umubabaro ni wose mu bakinyi b’amareresi atwenza hirya no hino bari mu batumire muri Kigingi Summer Comedy, baheruka kumenyesha ko yahagaritswe, ku mvo z’itegeko umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere ry’amakomine yatanze ko ibikorwa vyose bihuza abantu benshi bihagaritswe.

Iryo tangazo ry’uko ico gikorwa cahagaze, rikaba ryatanzwe na Kigingi ubwiwe akoresheje Video, yaciye ku mbuga ngurukanabumenyi asanzwe akoresha.

Muriryo, uwo musore yanashimiye abari bamwizeye ngo bakorane, ariko kandi akanibutsa abari bashimye kumuterera, ariko batari bwabishikeko, ko nabo batocika intege, ahubwo bomuzanira ako kabahasha, kuko mu misi izokurikira azoheza akabamenyesha ico kakoze.

Ivyo kigingi akaba abishikirije inyuma yaho amenyeshereje ko babuze uruhusha bari basabiye umwe mu banyarwanda bakina amareresi, Ndimbati, ngo azobashe kuza hano iwacu muri ico gikorwa naco cahagaritswe.

Mwomenya ko ico giteramo kigiye mu bindi bitandukanye baheruka gusivya kubw’iryo tegeko mu ntumbero yo kwikingira ikiza ca Corona Virus.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037