Inkino

#Indundi Sports| Bizimana Amissi Coutinho yatandukanye na Sofapaka Fc

Umugwi Sofapaka Fc wo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Kenya warekuye abakinyi bashika kuri 3 abo nabo akaba ari Pistone Mutamba Kepha Aswani mugihe Bizimana Amissi Coutinho wewe habanje kuba umwumvikano ku mpande zose zibiri kugira bamurekure.

Uwo mugwi Sofapaka Fc ukaba washimiye abo bakinyi kuvyo bafashije umugwi mbere bakaba babipfurije ubuzima bwiza aho bagiye.

Mwomenya y’uko Bizimana Amissi Coutinho amaze imisi ariko aronderwa na Kiyovu Sports yo mu gihugu c’Urwanda biboneka y’uko umwanya n’umwanya ashobora kuyikinira.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037