IKIRUNDI_news

Ubu Mutima arahembwa muri Amani optique

Uko imisi ihera ngo niko umukinyi w’amareresi atwenza, benshi bazi Mutima le Comedien, abandanya abona imiryango yuguruka akagira ikitari gito ashira ku mufuko bivuye ku ngabire yiwe yahawe na rugira vyose yo gutwenza. 

Uno musi uwuciye imbere ya Amani Optique ikibanza kidandarizwamwo amarori, kimwe mu bicapo bihaboneka, n’igicapo kibonenakako uwo mukinyi w’amareresi. Uno musi ngo akaba arihwa buri kwezi kuko abakunzi b’ibikorwa vyiwe bahakubitira.

Mu kiganiro na Juste Gael, Uwo mukinyi yavuze ko nimba uno musi agira ico aronse kivuye muri ico kibanza, ngo s’uko vyatanguye, kuko batangura kumushiraho bamusavye kugerageza kugira barabe ko hari ikivamwo. Inyuma y’indwi 2 ngo niho yaza yumva bamuhamagara ngo bamuhe amasezerano.

Naho yavuze ivy’ukwo gukorana kwiwe na Amani Optique, Mutima ntiyigeze avuga agashahara ka buri kwezi aronswa n’ico kibanza, kandi ntiyanavuze igihe ayo masezerano azomara.

Mwomenya ko uwo mukinyi asanzwe akora amareresi y’ugutwenza abantu, uno musi akaba akorana n’ikinyamakuru Indundi Tv, aho akora ico twokwita ikiganiro bise Indundi Comedie.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037