IKIRUNDI_news

Big Fizzo: Ibikorwa vya kera abandanya abiha agaciro

Ni Mugani Desiré  amazina yahawe n’abavyeyi , kuva aho yabaye icamamare amazina yahawe ntawoyagera umutwe nka Farious, Ndugwe, Burundiano n’ayandi atari make.

Imbere yo kuba umuririmvyi yatanguriye mu gutamba (danse), ubu akaba ari icamamare muvyo kuririmba style nka zose arazishoboye.

Ivyo yagiye aracamwo vyose ni vyinshi ntitwobidondagura ngo tubiheze yamara no mu ndirimbo ziwe arabivuga ko aho yavuye ari kure.

Ubu vubavuba hari indirimbo yiwe yaririmvye kera “Dear” yashimye kuyigarukana mu wundi mudiho ayifashanya n’umuririmvyi wo mu gihugu kibanyi ca Tanzania.

Unomusi naho igenekerezo rya 10 mukakaro abicishije kuri statut yiwe yashizeko ururirimbo rwa kera “Mbaya mbaya” yaririmvye ari kumwe n’abari bagize umurwi Wanajeshi, akaba ari nk’umurwi yamenyekanishijemwo impano yiwe cane, bimwe vyerekana ko ibikorwa vyiwe vyakera abisubije ubutoto.

Gumana na Indundi Magazine, ico ariko arategurira abakunzi biwe tuzokibamenyesha.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036