Inkino

# Indundi Sports| Uburundi mu kibanza ca 140 ku rutonde rwa FIFA

Igihugu c’Uburundi cagumye mu kibanza ca 140 ku rutonde rw’ibihugu bisumbasumbana amanota vyama bitangwa na FIFA buri kwezi .

Mu karere ka EAC Ubuganda buri kw’isonga bukaba buri mukibanza ca 84 , Kenya ikaba iri mu kibanza ca 104 , Urwanda rukaba ruri mu kibanza ca 127 , mugihe Tanzania iri mu kibanza ca 135.

Igihugu gifata ikibanza ca mbere kw’isi kikaba ari Ububirigi kigakurikirwa n’Ubufaransa hamwe na Brézil.

Mwomenya y’uko impamvu Uburundi butaduga ibibanza ari uko budakina inkino za kivandimwe nk’Urwanda , Tanzania n’ibindi bihugu.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037