Inkino

#Indundi Sports| Inkuru ibabaje: Abakinyi ba Aigle Noir Sc baraye bagize isanganya

Hari kuri uyu wa gatandatu waraye uheze igenekerezo rya 21 Myandagaro 2021 aho abakinyi b’umugwi Aigle Noir the Fighters ukina mu cicaro ca mbere wagira isanganya.

imodoka barimwo ikaba yagize isanganya muri Komine Bukirasazi mu ntara ya Gitega mu gihe bariko bava mu ntara ya Makamba berekeza mu Kayanza gutana mu mitwe n’umugwi Top Junior mu rukino rw’indwi ya 3 rwa Primus League 2021-2022 rwari kuba kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 22 Myandagaro 2021.

amatwi adusumira ngo abo bakinyi bariko bavurirwa ku bitaro biri mu Ntara ya Gitega.

 

 

 

Abakinyi twabonye bakomeretse twisunze amasanamu akaba ari aba bakurikira :

1) Massud Narcisse
1) Evrard
3) Nkurunziza Yannick
4) Benjamin
5) Nibibona Eddy
6) uwo bita Pogba

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037