East Africa NewshomepageIKIRUNDI_news

Isimbi nawe Ari mubo onlyfans izugarira imbuga

Ba bakobwa bari bagize imisi badandaza amashusho y’ibiterasoni ku mbuga zitandukanye zirimwo urubuga Onlyfans rugize imisi arirwo rumenyekanye cane, bagiye kuhagirira ingorane cane. 

Nk’uko urwo rubuga ruheruka kubishikiriza mw’itangazo rwahaye ibinyamakuru bitandukanye, ngo guhera mu kwezi kw’10, bagiye guhindura uburyo babona amashusho ashirwa kuri urwo rubuga.

Urwo rubuga-hwaniro rwamenyekanye cane kubera amashusho n’amasanamu y’ibiterasoni asangizwa n’abaruriko, ariko babanje gutanga amafaranga buri kwezi, ngo rugiye guhagarika amashusho yose y’urukozasoni yahora acishwa kuri urwo rubuga.

Urwo rubuga rukaba ruvuga ko amashusho y’ubusambanyi yahora acishwako agiye gukurwako, n’uguhagarikwa ari nka hamwe hari abayashizeko. Ayo akaba ari nayo yahora abinjiriza amafaranga atari make.

Urwo rubuga rukaba ruriko rwidogerwa cane n’abantu batandukanye bari basanzwe bacishako ayo mashusho, aho bavuga ko aribo batumye rumenyekana, none ngo rugiye kubugarirako imiryango, kandi ariho bahora bakura umukate.

Imvo zishikirizwa n’urwo rubuga, n’uko hari bamwe mubafatanyabikorwa (Partenaires) babona ko ivyo bikorwa bidasa n’uburyo bo babona ibintu. Muribo hakaba harimwo Visa na Mastercard basanzwe bakorana mu kurihisha abantu baba baje kuri urwo rubuga.

Mwomenya ko mu bamaze kumenyekana ko bakoresha urwo rubuga harimwo umunyarwandakazi Isimbi Noeline yamenyekanye mu myaka yahera kubera inkuru y’ubuzima bwiwe, ariko kandi yamenyekanye kubera amashusho yafashwe yambaye ubusa yari agize igihe asangiza abamukurikirana ku mbuga zitandukanye akoresha.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 688