Inkino

# Indundi Sports | Amini Abdoul yaraye ahagaritswe muri Messager Ngozi

Umukinyi w’inyuma Amini Abdoul batazira Monomo yaraye ahagaritswe n’uburongozi bw’umugwi Messager Ngozi .

Mu nama uburongozi bwa Messager Ngozi bwaraye bukoranye n’abakinyi b’uwo mugwi bwagirije icegera ca kizigenza wa Messager Ngozi Amini Abdoul y’uko ariwe ahora afata iya mbere mu kugumura abakinyi ivyatumye uwo mukinyi ahagarikwa.

Ntawuramenya y’uko yoba yahagaritswe burundu canke hari ikiringo co kuhagarikwa yoba yahawe, bikavurwa y’uko hari n’abandi bakinyi bariko bakorwako amatohoza nibasanga nabo nyene boba bari mubagumura abakinyi bashobora kubafatira ibihano .

Mwomenya y’uko umunyegori Rukundo Onesime gushika ubu atarahonyoza ikirenge mu kibuga bamwe bakavuga ko yoba atarahabwa ivyo yasavye uwo mugwi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037