Uncategorized

Urwevu: Ukuri kubijanye n’imivumo y’inyanduruko mu Miryango.

Mu gatabo gatoye kanditswe n’uwitwa “” Derek Prince ” kitwa ” How to pass from curse to blessing” harimwo ibintu bitari bike bishobora gutuma turonka umuco ku mvo zino canke ziriya duhura n’inzitizi zinyuranye zitubuza gushika ku mihezagiro Imana yadutegekanirije.

Nk’uko nawe nyene abivuga uwo mwanditsi ; aramenyesha ko abantu benshi ngo babona ibibashikira yamara kenshi ntibihe n’akanya k’uguhagarara ngo bihweze neza babone ko ; koko hariho agahaze.

Ugaheza ukabona, mu miryango haguma hisubiriza za ngorane nyene; ingwara nka za Diabetes; amasanganya canke n’ingwara zo mu mutwe , tutibagiye rero n’ingorane zo mu ngo( Divorces).

Uwo mugabo rero aratubwira ko, naho bamwe batavyemera; koko ngo imivumo ibaho, iyo mivumo nayo ngo igashobora kuba ifise amamuko muri ba  Sogokuru bacu; ku budyo natwe duheza tukavuka biturindiriye kugira duheze tugire amakuba anyuranye .

Koko , ngo mu miyaga, hari inguvu z’ubwoko bubiri: Zimwe zijejwe kuzana imihezagiro, izindi nazo zikaba zijejwe kuzana ibidutera ibibazo. Niho rero habera itandukaniro z’ivyo bita imigisha, ariyo mihezagiro canke imikoshi ariyo iba ifise amamuko mu mivumo.

Ikindi abantu bomenya kandi n’uko iyi mivumo ikora mu buryo bwinshi, ku buryo ushobora gusanga hari n’imiryango yifise mu bijanye n’amafaranga yamara hakama haza ikintu cama kibatera mu nzira zinyurane na nya mafaranga akazoherera mu bitaro canke hakaduka ibirwara bidakira.

Koko nk’uko uwu mugabo abivuga, ego ntawoca agira ati uko urwaye uba ubitewe n’imivumo ariko kandi , ivy’uko imivumo ikora ku miryango ntawobideha.

Intumbero nyamukuru muri kano kanya ni ugukangurira umuntu wese guca urwevu, akaza aratohoza neza akihweza ivyama vyigarukiriza mu miryango maze gutyo; umuntu amaze guca urwevu, azoheza  ace  yiga imikenyuro y’ukuzosangangura izo nzitizi kugirango bihagararire kuri we nyene ntibizohave bikurikirana bamwe mu ruvyaro rwiwe.

Uwushoboye kurondera ako gatabo, yoheza akagasoma maze, buke buke akiga, agaca urwevu. Uretse ko natwe nyene tugiye kuza turabigarukako kandi duhana n’intahe kuri bino na biriya vyoshobora kudufasha twese kugira , ya mihezagiro yahabwa Abraham n’iImana Yahweh natwe ize idushikeko.

Mu kurindira, nyaragasa ube urarondera akaririmbo twakuze twumva abantu baririmba bati” Ninjiye ahera cane, Imana yanteguriye, nzohora nwa amazi meza y’isoko ridakama, Manu niyo ndya misi yose; wa mutsima w’Imana; sinzotirimuka ahera cane) kuko wihweje iyo sanamu kw’ifoto uraheza ugasanga bihuye cane n’ukuri kuri muri ako gatabo.

CE URWEVU!

What's your reaction?

Related Posts

1 of 55