IKIRUNDI_news

Alvin yatanze umuco kuri Prank bivugwa ko asigaye azitegura be na Nirnah

Alvin ntariko avuga rumwe n’abamukurikirana ku bijanye na Prank agize imisi ariko arakorera umugore, kuko bamwe babona ko uwo muririmvyi yozihagarika kuko zitaboneka neza.

Mu babashije kugira ico bamubajije, bamusavye bamwe bamwe kuzihagarika kuko habonekamwo ibintu bidatomoye birimwo kuba Camera iguma yikoma, canke kuba biboneka kuba hari izo baba bateguye, atari Prank z’ukuri.

Riko Alvin naho biruko avuga ko atazohagarika, ahubwo ngo ariko agerageza kubikora neza uko imisi ihera, uwo muririmvyi akaba avuga ko ahubwo agiye kubikora bikomeye gushika yaho atangura gukura ama Perruque abakobwa.

Uwo muririmvyi akaba yanatanze umuco aho avuga ko Prank iheruka, umugore wiwe yasa n’uwatahuye ko ariko aramubesha. Ivyo bikaba vyaciye bituma biboneka nkaho umengo babiteguye kandi bitarivyo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037