Inkino

# Indundi Sports | Styves Nzigamasabo yerekeje muri Namungo Fc

Umukinyi wo hagati w’intamba mu rugamba Nzigamasabo Styve yaraye aguzwe n’umugwi Mtibwa Sugar wo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Tanzania (VPL).

Nzigamasabo avukana na Saidi Ntibazonkiza yashize umukono ku masezerano yo gukinira uwo mugwi mu kiringo c’imyaka 2, akaba agiye muri uwo mugwi avuye mu mugwi Namungo Fc usanzwe ukinamwo abandi barundi nka Kwizera Eric Kirungo , Bigirimana Blaise hamwe na Nahimana Jonathan.

Namungo Fc yahoramwo yarangije ihiganwa ry’umwaka uheze uri mu kibanza ca 9 mugihe Mtibwa Sugar yarangije ihiganwa iri mu kibanza ca 14.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036