IKIRUNDI_news

Jimmy nzi na Pacifique Ninihazwe mu bipfurije isabukuru nziza Fabrice Nzeyimana

Fabrice Nzeyimana ku musi w’ejo igenekerezo rya 4/9 yararamutse ahimbaza isabukuru yiwe y’amavuko, nkuko twabashije kubibona ku mbuga ngurukanabumenyi asanzwe akoresha.

Uwo muririmvyi w’umurundi asigaye yisumamwo I Kigali mu Rwanda, yanditse ku mbuga gurukanabumenyi asanzwe akoresha ko ata kindi kirenze yosaba umukama, ahubwo ngo arashima cane kuri uyu mwaka wundi, ariko kandi n’umunezero uva kuriwe. Ubwo butumwa bukaba bwaherekejwe n’ishusho arikumwe n’umutambukanyi wiwe hamwe n’abana babo 2.

Uwo muririmvyi ntiyatamvye yirorero kuko abantu batari bake bamwikirije bakamwipfuriza isabukuru nziza, barimwo gafotozi karuhariwe Jimmy Nzi co kimwe na Pacifique Nininahazwe.

Mwokwibuka ko Fabrice Nzeyimana n’umutambukanyi wiwe basanzwe ari bamwe mu barongoye umugwi Heavenly Melodi, usanzwe uririmba indirimbo zihayagiza Imana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037