IKIRUNDI_news

Belle nice ngo Management nibo batumye ahagarika Karaoke

Belle nice ngo icatumye ahagaruka gukora live music ni Management yiwe. Ivyo akaba yabishikirije mu kiyago yagiranye na Alan The real kuri Indundi Tv. 

Muri ico kiganiro, Belle Nice avuga ko Management yiwe yasanze itobandanya imushiramwo amafaranga, Kandi hari abantu bariko baja kuraba Karaoke bakamubona batanze 1000.

Yagize ati : ” Ni Management yiwanje, kuko uribuka yuko nageze gusohora SABO nkiririmba Karaoke. Ariko mu nyuma turaraba, management iriko iragushiramwo amafaranga, uguma ubona kira week end mu kabare, sasa baravuga bati ntidushobora kuguma tugushiramwo amafaranga, umuntu agura Amstel canke Bechou canke ifanta y’1000, aze abona Belle nice wa SABO, aje kuririmba izindi ndirimbo z’abandi.” 

Muri ico kiganiro, bagarutse ku bintu vyinshi, birimwo n’umubano wiwe na Sat-b akija gukora imyimenyerezo muri Ingo Music.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037