Nk’uko yari yasavye abarundi y’uko bomusengera kugira yitware neza mu muri Finale ya Diamond League 2021 yariko ibera i Zurich muri Suisse , Francine asubiye kandi kwandika ayandi mateka aho atahukanye igikombe gikuru ca Diamond league ku metero ibihumnbi 5000.
‘womenya y’uko Francine Niyonsaba yari amaze ikiringo c’imyaka ishika kuri 3 yankiwe kwitabira ayo mahiganwa .
Amateka Francine ariko akora mu Burundi nta mwigeme n’umwe arayakora kuva aho Uburundi bwitiwe Uburundi, akaba yatsindiye amadorari ibihumbi mirongo itatu (30,000$) mu marundi arenga imiriyoni 60.