IKIRUNDI_news

Urukundo Olegue akunda Abana nirwo rwamuhaye amasezerano na SAD

Ishirahamwe riharanira Agateka k’abana SAD ( Social Action for development) ryaraye rigiranye amasezerano yo gukorana hagati yabo na Baraka Olegue benshi bazi nka Olegue.

Iryo shirahamwe bari basanzwe bamaze gukorana nkuko yavyivugiye uwusanzwe arirongoye, ngo bahisemwo uwo muririmvyi kuko bamaze kubona ko akunda Abana nabo bakamukunda.

Munyerere magorwa Bienvenue asanzwe arongoye iryo shirahamwe akaba yamenyesheje ko bizeye ko bakoranye na Olegue, ngo azobafasha guharanira ako Gateka k’abana mu gihugu cose.

Olegue nawe nyene muri ako kanyamuneza nyene, akaba yamenyesheje ko azotuma yemera gusarara ariko ngo ariko ngo Abe hafi y’abana.

Olegue akaba ahawe ayo masezerano inyuma y’ugutahukana ikibanza ca 2 muri Tagata na Primustar Aho yahawe agashimwe k’imiliyoni 15.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037