Inkino

# Indundi Sports| Waruzi uwakoresheje umwambaro wa Bumamuru?

Umugwi Bumamuru Fc werekeje mu gihugu ca Tanzania gukina urukino rwa CAF Confédération Cup n’umugwi Diable Noirs wo mu gihugu ca Congo.

Uwo mugwi ukaba wari washajije bimwe bidasanzwe kuko wari wambaye Training nshasha zisa n’ugwatsi rubisi ndetse nizera, izo Training uwashoboye kuzibakoreshereza ni umu Prépatateur Physique Warren Chebby asanzwe aba mu bwongereza .

Warren Chebby ntawutamuzi kuko ni umwe mu barundi bama bitangira igihugu mu kugifasha ibitari bike mu kuzanira imyambaro itandukanye imigwi y’abakiri bato ndetse n’ubuheruka yashoboye kuzanira ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ivyuma vyo kwinonora imitsi , ibintu abakinyi b’intamba mu rugamba bakeneye cane igihe baba bariko bitegurira inkino zitandukanye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036