IKIRUNDI_news

Iry Tina yahisemwo gusangira naba ntaho nikora ku musi wiwe w’amavuko

Umusi mukuru w’amavuko mu gihe bamwe Baja kuwuhimbariza ku mucanga, canke bakaja gusangira n’incuti n’umuryango bakata wa mutsima bita Gateau, Iry Tina we ngo yahisemwo kuwuhimbazanya hamwe n’aba ntaho nikora. 

Imiryango 165 y’abatwa bo mu ntara ya Kayanza ku mutumba Mutana wa komine Muruta, nibo yasangiye nabo uwo musi mukuru w’amavuko, aho yabashiriye imfashanyo igizwe n’ibiharage Ibiro 700 , ubufu Ibiro 700, amasabuni 700 hamwe n’imikate y’abana.

Kubwa Miss Globe Afrika 2020 ngo ntibihagije, iyo Aho uvuga Hari abamerewe nabi. Imiryango 165 y’abatwa bo ku mutumba mutana komine muruta intara ya Kayanza, akaba aribo basangiye uwo musi.

Iry Tina na Musitanteri
Miss Globe Africa 2020 Iry Tina na Musitanteri wa komine Muruta mu Ntara ya Kayanza 

Mw’ijambo yashikirije uwo misi akaba yaragarutse ku mahoro, ku kwiyumvira abandi co kimwe n’ugusangira bike abantu baba bafise.

Yagize Ati : ” imfashanyo twatanze Kari agakemanyi twatanze kagizwe n’ibiharage, ubufu, amasabuni n’imitake y’abana.”

“Mu kuntora ngo mbe miss nserukire Africa yose, nari nipfuje gukoresha izina kugira go nserukire abantu babaye. Nca ngira n’Imana abavyeyi barambwira, bati burya ku Mutana ntibimeze neza, na musitanteri arambwira ati Ingo ndakwereke imiryango y’abaterambere ko bamerewe nabi.”

“Jewe ico kinyungura cane nsanzwe mva mu muryango ukijijwe, siniryoherwa ngo nitwe Miss Globe Africa Aho mva hariho abantu bagwara ntibivuze.”

“Akamo notera abantu usanga baribagiye iwabo, canke bakibagira ba ntaho nikora, nuko bokwibuka duke dufise tukadusangira, bike dufise tubisangiye twese duheza tukabaho mu mahoro, ata nzara iri mu gihugu. Ubu nzoheza ngende nkomakome hirya no hino n’abandi ndabatere akamo bashike ngaha, bongere bashike n’ahandi. N’abanyagihugu ndahimiriza bakomeye amahoro.”

Iry Tina akaba yahavuye yiyemeje kuja guhimiriza abo bakomoka hamwe ngo baterere nubwo yoba ikaye imwe ngo Abana b’abatwara nabo baje kw’ishure kuko nibo Burundi bw’ejo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037