IKIRUNDI_news

Dj Philbert aremeza ko yakuwe mu ndirimbo bari bakoranye na Sat-b na Belle 9ice

Dj Philbert yemeje amakuru avugwa ko yoba yarakuwe mu ndirimbo 1 mu ziri muri EP ya Belle Nice. Aho ngo ni mu gihe yari yakoze aka Intro keza muri iyo ndirimbo nkuko aheruka kubiganirira bagenzi bacu.

Mu kiganiro na Juste, uwo muririmvyi akaba n’umurongozi wa Runtown Djs, umugwi ugizwe n’aba Dj batari bake bagize imisi bashika ku nyota abatari bake. Yavuze ko naho bamukuyemwo ata kosa bo bakoze, ahubwo ryakoze we.

Dj Phil akaba avuga ko naho bari bayikoze, ngo ntibari bwayiheze, ariko nawe aca arafatirwa, gutyo bituma bamukuramwo kuko bo akazi kadahagarara.

Dj Phil yemeza ko Indirimbo ari nyinshi, ngo ivyo batakoze uno musi ngo bazozikora hanyuma.

Mwomenya ko uwo muririmvyi aheruka gushira ahabona Indirimbo yise Nyamugigima ije inyuma y’amezi hafi 7 asohoye Domeka yakoranye na Dr Claude.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037