IKIRUNDI_news

Kubwa Baby John mu bubu biragoye kuvuga uwuzoshika kure

 Uwo benshi bamenye mu ndirimbo ku giti c’urukundo ku kazina ka Baby John, ngo amazina yiwe y’ukuri ni Nahimana Jean Marie.

N’umuririmvyi w’umurundi wa kera yiganye n’umuhisi Canco Hamissi mu ntara ya Ngozi kw’ishure rya Don Bosco, Ari naho ubumenyi bw’ukuvuza igitari bwakomeye cane.

Baby John uno musi abarizwa mu bufaransa aho anafise uruvyaro, ngo sibo bonyene yahezagijwe n’Imana, kuko naha iwacu ahafise abandi 2.

Uwo mwanditsi w’indirimbo z’ikirundi zitari nke, yabwiye Jimbere Magazine ko amaze kuba mu bihugu bitari bike birimwo Mozambique na Nepal. Imvo n’imvano y’ugufata izo ngendo, ngo n’ukugira abashe kumenya izindi mpande z’isi, naho vyahereye ku gushaka kumenya Africa.

Baby John uno musi abarizwa hano iwacu, ategekanya gukora igiteramo kuri uyu wa 24/9 ku ngoro ndangamico y’abafaransa (IFB).

Uwo muhumure w’imyaka 64 y’amavuko, akaba yavuze ko Canco Hamissi Ariwe muririmvyi w’ibihe vyose, nayo abubu ngo biragoye kuvuga uwuzoshika kure.

Mwomenya ko uwo muririmvyi yaje hano iwacu mu gihe hariko hategurwa isabukuru ryitiriwe Burundi Bwacu (Burundi Bwacu Festival).

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037