IKIRUNDI_news

Kaboss for real yasezeye Siren Vibe yerekeza muri Jimbere Magazine

Umumenyeshamakuru azwi cane nka Kaboss For real yaragize igihe akorera Siren Vibe Tv yasezeye ico kinyamakuru ku musi wa gatandatu, aho yamenyesheje ko yimukiye ahandi, ariko mu kugenda akaba yagiye avuga ko yari yaronse umuryango muri Siren Vibe, ko atazigera abavuga nabi kuko bamuhaye vyinshi vyiza. 

 

Uwo mumenyeshamakuru yaragize igihe akundwa na benshi, yaranakoze Live kuri Instagram yiwe kuri uyu wa gatandatu aho yamenyesheje abamukurikirana ko agiye kwungururiza muri Jimbere Magazine aho azohora akorera ibikorwa ku rubuga rwabo rwa Youtube guhera mu ndwi iza.

Ikiganiro Kaboss for real yakoranye na Arnaud Gasige

Abajijwe ico akurikiye muri ico kinyamakuru, uwo musore yavuze ko hari uturusho tutari duke yahabonye, ngo n’ay’ahandi ntiyovuye muri Siren Vibe, kuko hari hamaze kuba muhira. Kaboss yanamenyesheje ko mu mwaka amaze ari muri uwo mwuga ngo yari yaronse ama Webtv menshi amuhamagarira kubasanga ariko akaba ataco yabona kirushirije.

Ico kinyamakuru kikaba cahora gikora ibiganiro bike vy’amasanamu, icari kimenyerewe ni igisanzwe gikunda gucishwa kuri Facebook yabo ku musi w’Imana aho baba bakiriye umutumire. Ariko naho kinashirwa kuri Youtube, urwo rubuga rukaba rutari ruhurumbiwe cane nka Facebook.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037