BurundiEducationhomepageIKIRUNDI_newssociete

Angeline Ndayishimiye yagarukiye ku bana bagendana ubumugo bo mu Gisyo

Kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 12 Gitugutu umwaka w’2021, umutambukanyi w’umukuru w’igihugu Angeline Bayubahe Ndayishimiye yaramutse agarukira ku bana bagendana ubumuga bwo ku mubiri no mu mutwe barerewe ku kigo Isange kiri mu Gisyo muri zone Kanyosha, komine ya Muha mu gisagara ca Bujumbura.

Angeline Ndayishimiye akaba yari yagiye yibangikanije imfashanyo y’ibiribwa igizwe n’umuceri, umunyu, ibiharage, isukari, amata, ifu y’ubuyi, ifu y’ibigori, ibisuguti n’ibindi bifise agaciro karenga imiriyoni zitatu z’amafaranga y’amarundi hamwe n’ibikoresho vyo kwa muganga bifise agaciro karenga imiriyoni icumi n’umunani z’amafaranga y’amarundi.

Mw’ijambo ryiwe, umubikira Médiatrice Ndayisenga arongoye ico kigo yakengurukiye cane umutambukanyi w’umukuru w’igihugu yashoboye kubagarukirako na rirya bari bafise ingorane zitari nke zijanye n’ukuntu bafasha abo bana bagendana ubumuga bwo ku mubiri no mu mutwe anaboneraho kutera akamo uwo wese afise umutima w’urukundo kubafata mu mugongo na canecane mu bijanye no kuronka amashure yorohereza abo barerwa bagendana ubumuga, kubaronsa abaganga babinonosoye mu kuvura ben’abo bana bagendana ubumuga nk’ubwo n’ibindi.

Mwomenya ko ico kigo kimaze imyaka itanu kibonye izuba kikaba catanguranye n’abana bagendana ubumuga umunani gusha ubu, ico kigo kikaba gifise abana bashika ku mirongo ibiri na batatu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 718