IKIRUNDI_news

Nziza Desire ngo agiye gukorana UMUYABAGA RMX n’umunyarwanda akomeye

Naho aheruka mu bibazo bitoroshe, Umuririmvyi w’umunyamerika afise amamuko mu Burundi Nziza Desire, ngo ntiyahagaritse ibikorwa vyiwe vy’umuziki.

Imwe mu ndirimbo zatumye amenyekana cane muri kano karere, Umuyabaga, ngo igiye gusubirwamwo mu misi ya Vuba, nkuko amakuru dukesha abegereye Manager wiwe muri Afrika y’ubuseruko Martin kelly abishikiriza.

Iyo ndirimbo ngo uwo muririmvyi ntazoyiririmbana wenyene, ariko ngo azoyikorana n’umwe mu baririmvyi bakomeye bo mu gihugu kibanyi c’Urwanda.

Ntitwabashije kumenya umuririmvyi bazokorana iyo ndirimbo, ariko tukaba tukibandanya gutohoza tukazobabwira amakuru meza mu misi ya Vuba. Ariko ikindi twabashije kumenya co nuko bitazorenga mu kwezi kwa 12, itarashirwa ahabona kuko na Nziza nawe azoba ari i Kigali ico gihe nyene.

Mwokwibuka ko indirimbo ya Nyuma aheruka gushira ahabona ari indirimbo yari yakoreye umuhisi Bijoux baheruka kurushinga.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037