IKIRUNDI_news

Meme Meili yavuze ku mafaranga yakoresheje muri “Arabesha”

Ya ndirimbo “Arabesha” ya Meme Meili ngo ntiyovuga ko Ariwe yayikoreye canke ngo Afise Management imufasha muri ivyo bikorwa vyiwe vy’umuziki, ariko ngo arafise abafana bamushigikira.

Ivyo uwo muririmvyikazi akaba aheruka kubishikiriza mu kiyago yagiranye na Isaac Tv Aho yararamutse yerekana Iyo ndirimbo imbere yuko ishirwa ku mbuga ngurukamabumenyi nka YouTube.

Mu kiyago twagiranye yatubwiye ko atazi uburyo yatwaye kuko ngo yabonye ashikirizwa umuhinyanyuzi, noneho uwo muhinga akora ibintu vyose.

Uwo muririmvyikazi yanavuze ko uburyo bwanakoreshejwe harimwo n’ubwo yahawe n’abafana biwe, kuko aba yakoze vyiza mu gihe ariko arabaririmbira mu gihe c’ama Karaoke asanzwe akora cane.

Mwokwibuka ko iyo ndirimbo yabashije kuronka Views 10,000 ku musi 1 gusa, mu gihe iyo yaheruka gukora ariyo Dukate nayo imaze kurabwa n’abantu 13,000 gusa.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037