IKIRUNDI_news

Abo Sat-b ashigikira ni benshi nuko atabishira ahabona

Sat-b ngo Aho hirya muri Nigeria iyo umuririmvyi aduga, aduzwa n’abandi baririmvyi bakuru biwe, co kimwe n’ibinyamakuru vyaho, ariko hano iwacu nta bihari. 

Ivyo uwo muririmvyi akaba yabishikirije mu kiganiro yahaye imboneshakure Epublic Tv, muri rwa ruhererekane rw’ibiganiro ariko arakora mu binyamakuru bitandukanye.

Muri ico kiganiro, Sat-b avuga ko atazoshora gushikana umuziki w’Uburundi kure wenyene, ngo yipfuza ko abantu bashigikira abo bato bacaruka, kugire bafashanye n’abandi mu gushikana umuziki kure.

Muri ico kiyago na Marjolaine, uwo muririmvyi akaba yabajijwe nimba nawe hari abo ahora ashigikira, yavuze ko bahari benshi bashasha bo gushigikirwa, Kandi nawe abo ashigikira batabuze naho ataba ashaka kubishira ku mugaragaro.

Uwo muririmvyi akaba abishikirije mu gihe Hari impari nyinshi ku kibazo c’ugushigikira abaririmvyi bacaruka, Aho bivugwa ko badashigikirana, n’abashigikiye bagashigikira akagwi kamwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037