Uncategorized

Urwevu. Ibibuza ingo kwegera Imana hamwe n’uburyo bw’ukubirwanya.

Isanamu ya Biblia

None mwagira ga ngo bizoborohera ko musoma bibiriya ngo muhave mumenya ukuri? Vyobemerera gute ngo mumenye ukuri kandi ukumenya ukuri ariko kubohoka? Umwami Yezu Christu yavuze ati, muzomenya ukuri hanyuma guheze nako kubabohore ( Johani 8:32).

Nimba weho  bikorohera gutora bibiliya maze ukayisoma ukaronka umuco, weho mana ntugire ngo ntuhiriwe!!! Urahiriwe nyene kuko si benshi bikundira. Ubu hoho ivy’ugusoma ni vyinshi, mu ndwi hagati bibiliya duterera hariya maze tugahengera ku musi wa Mungu tukayitora tugahungura imisengesenge yayigiyeko tugaheza tukaneganega no  mw’Isengero ngo ba!. Nako bambe, tunagize na gutyo data  biba bikigendeka! Ubu ko haje   ama Smart phones turaheza tugasanga mbere bitarinze kuba na ngombwa ko twokwiremereza Bibiliya  kuko na nya Bibiliya nyene zisanzwe ziri mu biharawe twigendezako, bijanye n’ubuhinga bwa none.

Hama kenshi, rero iyo bariko barasigura turaheza tukandikana ubwira bwinshi ivyo bariko batwigisha, muga kenshi iyo dushitse muhira turaheza tubiterera ku rusenge canke mu mbari kandi noneho mayina ndaguye ndagarutse none ko tuba twavyanditse , na Pasitori akaba yabona ko turiko dukurikirana, hejuru y’ukuzungangiza umutwe ( Kurya k’umuntu anyuzwe koko) hamwe n’ugukoma amashi, none ikindi kiba gisigaye ni igiki ko tuzonasubirayo ku wundi wa Mungu?

Mugabo uwundi mwanya naho kandi ndagarutse ; iyo tuba twaza turabisoma naho,  tuza turibukiriza,  tunabiyaga n’abo tubanye, kumbera ntivyobuze n’ico bitwungura. Aho Yezu yaca Umugani w’umubivyi none mugira harya yarabuze ico ariko aravuga? Uko ingemwe zizorwa ku rutare niko ibinyoni bizokoroherwa kuzinobagura .

Jewe nibaza ko, iyo tuba twabigira gutyo misi yose , Dogiri dogiri imyaka n’iyindi yorangiye ingo zacu twarazigize nk’ imisozi  itotahajwe  n’ubwatsi buremvye,  igasharizwa n’amahonda n’ingano ( Zaburi 72 na 65) ,  ububande nabwo  bubogabogamwo inyambo ku buryo naho hokwaduka igihuhusi hoheza hakumvikana amajwi y’akanyamuneza kuko twoheza tukumvirananwo akandi kajwi kavugira kure kavyiyamiriza  gati ” Sume m urenga abo ndabazi’.( Zaburi 105:10). Ivyoje bigana kutugirira nabi hamwe be n’abacu, twohejeje tukabibona nk’ivyari vyiyambije gusa,  nk’ivyari bishatse kwimara ubute canke iyarwe.

Ikindi naco jewe nibaza n’uko .mu gihe tutokwiga kubigira ntyo, ngo twumve ko Isengero nyamukuru ari aho dukika umusaya, ngo twumve ko Se Rugo ariwe Pasitori canke Patiri canke Mwalimu  w’aho atuye ( Mu kiringo atahari agasubirirwa n;uwo bubakanye), maze mu ndwi hagati tugaheza tukaza turanoganza duhana umuco n’abo dutuye hamwe, ntihazotera kabiri ejo ngo tuzogenda  tudasanze dusize abana mu gahinga ka Nyaga na nde. Ibi twanka kwigisha Abana twibarutse , bazovyigishwa n’abandi batabibarutse, canke google canke n’ibindi vyinshi,  mubona ko ibigabirije gushira Isi mu mananiza vyo bitabuze.

None twogira iki?

Abavyeyi, dufate ibintu mu minwe. ( Ku basanze batabikora ntyo)

Ubwa mbere ni ukumva ko ari twebwe biraba ntitube kumwe kwa ya Mpene yavyara igaterera aho ngo ahanje ndahejeje, ahasigaye ni ah’umwungere. Wewe Muvyeyi war’ubuze ivyo wigisha umwana wawe? Pasitori canke Patiri canke Mwarimu ( Nibo wavyaye ngo bakurere? Eka turashaka kuvyirisga kweli) Nimba utariko uha indero ijanye n’ivy’Imana ku bana bawe none iyindi ndero uriko ubaha ni iyihe.  Mbega isi ata muntu azoba atinya Imana izoba imeze nte? Mbega ubona isi iriko yigisha abana bacu iki ? Abana bazokura babwira ko uruhishijwe n’ukuba umuhungu ushobora kuba Umukobwa mu kiringo wifitiye inoti maze bakakurema ukundi?  None inyuma y’Imyaka 50 abana bacu bazoba bameze bate? Aho tuzoba turi tugaheza tukaraba hasi, tuzokwiyumva dute?

Yamara  noneho n’umuntu atanga ico afise !

Mu kiringo ayandi Madini ( Musulmans et Juifs) bobo ivyabo vyose bifatanye n’ukwemera kwabo, abemera Christu nibo gusa ahanini twafatanuye ibijanye n’Imana hamwe n’ubundi buzima. Mu Mashure nciga, Icirwa ca citwa Religion,  vyasa nk’uko kwari ukuza kuduteramisha . Hari kandi n’icirwa citwa Civisme, naco nyene vyasa nk’uko. None mwumva vyodutangaza gute tweho abavyeyi nyene b’ubu mukiringo tudasanze womengo ni nkenerwa kwigisha abana bacu ibijanye n’Imana?  Hari benshi ijambo ry’Imana turyita nyene ‘‘Ibintu vy’Imana ”  maze ukaza urumva abantu bavuga ngo” Urya nawe agakomye kose aca azana ‘ibintu vy’Imana”!! Abandi nabo tukarindira ar’uko tuguye mu bibazo, ingwara canke ibindi,  kugira ngo dutanguze kwegera Imana. None ivyo vyirwa nyene bibiri ko arivyo umuntu muri kameremere kiwe yari akwiye kwigishwa ku buryo bukabije, ejo azoba ari iki nimba tutobiha agaciro kabikwiye ?

Dukwiye kurwana ingwano yo mu pwenu kuko vyose niyo bipfiriye.

Ikintu cambere ukwiye kumenya n’uko aho usavye indaro, aho uba, si wewe uhaba wenyene. Aho uba hari izindi mpwemu zihaba. Kandi izo mpwemu nizo zigize ibice binini vy’uko ubanye n’abo mubanye. Ivyo biri uko ku ngero zinyuranye. Urugo, Karatiye( Canke agatumba) , Komine , Intara hamwe n’Igihugu. Impwemu ziba aho ubaye zifitaniye isano n’amamuko yawe hamwe n’ibindi vyinshi bunyaranye.( Usomye witonze Zaburi 16 uzobitahura).

Ntubifate nk’ibisanzwe .

Ukaba ubaho wumva umengo ntufise ubwira bw’ukwitaho Imana dusenga uyu musi, ntubifate minenerwe , ngo ubifate ibisanzwe. Ukaba wumva iyo utoye bibliya umengo nta ngoga ufise, umenye ko hariho ibiguhanze amaso, birahira bikarengwa ko uto soma izo nyandiko nyeranda. Canke ushobora n’ugusoma bibiliya yamara uwokubaza mu nyuma ukananirwa n’ukumubwira ivyo wakuyemwo.  Inzitizi ziri aho nyene impande yawe, inguvu zo mu mwiza zifise ico zikurikiranira amaraso yawe kubera hari ivyo basezeranye na ba Sogokuruza bawe mu gihe bazambaje barondera inguvu zinyuranye. Ukamara kwemera uko kuri, uzoba ufashe iyindi ntabwe. Ico inguvu zo mu Mwiza zitwicica ni ukutagira ubumenyi.Ariko Imana yahagurutse kuko turi mu bihe vya Nyuma. Ivyitwa ibigirwamana( Biracariho mu buryo bw’impwemu ku ruyeri ku rwenge)

Nimba ufise impari, uragerageza bino.

Reka ndakwereke. Urazotora Psaume 24 na 09 uzivuge ushimitse hanyuma uzisubiremwo uzinoganze , maze uce uheza utore bibiliya na canecane ubwuzure bushasha ( Nimba uri umukristu ) uheze uce uraba akayabagu uyisomana. Uzoronka umuco utari bwaronke na rimwe.

Kubera iki izo zaburi  24 na 09 ( Imbere y’uko tuzoganira  ku zindi)

Icambere , iyo zaburi ya 24 iributsa ibinyamubiri ko, isi ari iy’Imana, kandi ikibutsa ko, ata muntu w’umwangushi azogenda akandagiye mu bwami bwayo mw’Ijuru. Muribuka ukuntu Shetani yariko arabwira Yezu Christu ngo ” Niyemere ahebe Imana azoca amuha ivy’Isi? Yesu yamwishuye ukundi, ariko iyo ashaka yari n;ugukoresha iyo psaume 24 , akamuhebuza ko ko Isi ar’iy’ Imana hamwe n’ibiyiriko vyose. Iyo zaburi nyene niyo iheza igakankamira imiryango ( Les portes ) ya Kera, iri kiruruke yinjire Umwami w’Ubweranda.

Izaburi na yo ya 09 Iragaruka ku Miryango. Aha isaba Igufasha gusaba Imana ko yogukura mu miryango ( Portes ) ijana mu rupfu nyabuna ikakujana mu miryango y’Umwigeme w’Isiyoni kugira uheze ubashe gushemagiza Imana( Louanges). Erega aha ntimubone twese tugendagenda ngo mugire ngo twese duhagaze hamwe mu buryo bw’Impwemu. Ni wewe w’ukuguruza imiryango ya Kera kugira hinjire Umwami w’Ubweranda)

Ibi bihe ni ivyanyuma, harageze ko umuntu wese arwanira umushaha wiwe. Aha siho iwacu, ariko aha hadufasha gutegura iyo tuzoja. Rondera ukuri  mu bitabo vyeranda. Reka kwiraramira ngo urindiriye Patiri na Pasitore abe aribo baza barakubwira ivyanditse bijanye n’ubugingo bwawe. Ku musi w’Inzamba ntugire ngo muzoba muhagararanye na Patiri canke Pasitori?  Noneho n’abo barongozi bacu, ntibazoroherwa ari abarongozi bashoreye ubusho bw’impumyi.

Mbega ko uvuga ngo naka ni Umukozi w’Imana, wewe uri umukozi w’iki canke wa nde? Ni nde yakuremye? Ninde azokubaza ico wakoresheje amatarenta yaguhaye? Ni uwo Boss wawe ku kazi? Ni Iyo promotion wama uririra? N’ivyo bifaranga umuyoro wama uriko wihagazana?

Ni nde yaguhaye izo mpwemu uhemuka?  Ko n’urutoki wita ngo ni rwawe utazi n’ibirimwo, iyo hagize agakoma uca wiruka kwa muganga ngo bakurabira, kubera agatoki k’agahererezi kakuraje ku ryamusonga kandi ufise ama milioni ku ma Bank.

Murabona ibiriko biraza; Imana iriko iturya akara itwibutsa iti ”Erega ndiho” . Iryo jambo ” Ndiho” Ryaje ku gihugu cacu riciye ku mukozi w’Imana Chris Ndikumana. Ntitugire ngo ni ivyo yabwiwe wenyene. IMANA IKUNDA UBURUNDI BWACU KANDI ISHAKA KUBUKIZA

NTAYIMBA NGO IBURE IVU. RONDERA IMANA UBU BIGISHOBOKA.

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 55