IKIRUNDI_news

Esther Nish araryoherewe umwana wiwe ariko araca mu makanda ya nyina

Inyuma yo gutahukana imiriyoni 15 mw’ihiganwa rya Brarudi ibintu vyabandanije bigenda neza nk’uko nawe nyene yavyivugiye yagize ati: “Sinarinzi ko amahera akurikira aho ayandi ari.”
Aho ni mu gihe yari akubitiye i Kinshasa mu gihugu kibanyi ca Congo guteramisha abantu b’aho vyabonetse neza ko yanabiciye bigacika ibendera ry’auburundi rirahungabana mu muziki ndundi ku muziki wiwe w’ikibiriraho.

Tubibutse ko ari umuvyeyi w’abana babiri umwe yashoboye no kumusohorera indirimbo yitwa “Kavorivori”.

Umuvyeyi wese yitaho indero y’abana biwe ndetse akanabipfuriza kazoza keza
na Esther Nish urabona ko aryohewe n’imfyura yiwe niyamutorana umwuga wo kuririmba no kuvuza ibicurarangisho bitandukanye.

Yashizeko ifoto y’umwana wiwe ariko avuza piano yandikako ayamajambo agira ati :”uburyohe bw’impwemu ya mama wawe n’ibisekuruza vy’abiwabo bikuyobore muri carrière yawe kibondo.”

Twizere ko ukungene na nyina atavyorosha niyavyigira kuri nyina twitege vuba impano nshasha.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037