IKIRUNDI_news

Amashimwe Voice: Umuririmvyi wabo Appel agiye gushira ahabona video

Nk’uko babitumenyesheje mu biganiro twakoranye n’uko batoye umuririmvyi Appel kugira bakorane imyaka ibiri niyo masezerano bafitaniye bategerezwa kumukorera umuziki mwiza mu ntumbero yo guteza imbere impano yiwe mu nyuma y’aho bazoheza bafate uwundi muririmvyi nyene womuri Gospel.

Igikorwa ca mbere twari turindiriye ni amasanamu y’indirimbo ” Ntugire ubwoba”.
Igenekerezo rya 21 gitugutu 2021 isaha icumi niho izagushirwa ku mugaragaro kakaza kuba ari n’akaryo keza ko kwereka abasanzwe bakorana na Amashimwe Voice uhereye ku babavugiriza ndetse n’abandi bafashanya mu bindi bikorwa.

Hatumiwe abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri Ozone Diplomatic mu ngagara.

Kubwa Appel ngo arashima uko amasezerano bakoranye babandanya bayakurikiza
indirimbo yiwe igira kabiri mubiza gushikirizwa baraza kuvuga igihe izosohokera izwi kw’izina rya “Baba yangu”.

Bandanya ukurikirana ikinyamakuru indundi vyose uko vyagenze turabikumenyesha.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037