Umugwi wa Puma Taekwondo wari waserukiye Uburundi mu mahiganwa ya Nairobi Governors Cup Taekwondo waraye ushitse i Bujumbura .
Abo basore bakaba baratahukanye ikibanza ca gatatu mu migwi 20 yari yitabiriye iryo higanwa .
Bari kuri micro ya Indundi Tv bavuze ibibazo bahuye navyo harimwo kugenda ari bake kuko hari gutegerezwa kugenda abakinyi 5 ariko kubera y’uko umugwi wemerera abakinyi bashika kuri 3 bashobora kwitabira iryo higanwa niyo mpamvu baciye bagenda ari batatu .
Kizigenza wabo Alain Nzoyisaba akaba asaba ababishoboye bose kuza kubaterera kugira abana b’igihugu baje kwerekana ingabirano zabo mu makungu .
Mwomenya y’uko igihe bashika i Bujumbura bari bakiriwe n’ibinyamakuru nka BETV , Indundi Tv , Radio Culture , Radio Colombe hamwe na Radio Isanganiro.