Inkino

# Indundi Sports | Ni igiki coba catumye Ferouz Haruna asubirira Kabera Christian muri Flambeau du Centre

Haciye imisi uwahora ari umumenyereza mukuru wa Flambeau de l’Est Kabera Christian batazira Morinho yirukanwe muri uwo mugwi .

Amakuru yashikiriye Indundi Sports ariko ataremezwa neza ni ukutumvikana hagati yiwe n’abakinyi biwe ba Flambeau du Centre .

Ubajije Christian Morinho akubwira y’uko ariwe yatanze imihoho nayo ku ruhande rw’ubuyobozi bw’uwo mugwi nabo bavuga y’uko aribo bashoboye guhagarika uwo mumenyereza.

Ferouz Haruna yashoboye gusubirira Kabera yahora mu mugwi Flambeau du Centre w’i Gitega mu mwaka uheze akaba ariwe yahora ari icegera ca Omar Ntakagero .

Akaba yashoboye gushira umukono ku masezerano yo kumenyereza uwo mugwi wo mu ntara ya Ruyigi mu kiringo c’umwaka .

Mwokwibuka y’uko atari irya mbere Kabera Christian Morinho ahagarikwa muri uwo mugwi canke atanga imihoho muri uwo mugwi vyama vyabaye mu nyuma agaca agarukanwa .

Mwonenya kandi ko Ferouz Haruna atari irya mbere amenyereza uwo mugwi wo mu ntara ya Ruyigi aho mw’ihiganwa ry’umwaka wa 2016-2017 yari umumenyereza mukuru w’uyo mugwi ndetse awufasha no kudakoroka mu cicaro ca mbere.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037