IKIRUNDI_news

Frank Duniano: Inyuma yo kurekura album ashize ahabona iyindi ndirimbo

 

Indirimbo zari muri album yiwe aheruka gushira ahabona yarigizwe n’indirimbo za kera gusa .

Ivyo ni bimwe vyatumye benshi bibaza ibibazo vyinshi nimba ata ndirimbo nshasha yoba afise canke imisitari yaramuheranye.

Ku nyinshu yagiye aratanga yavuze ko izondirimbo za kera ata karyo zari zaronse kugira zumvirizwe ari nayo mpamvu yazishize muri album kugira zije mu bakunzi biwe
Bazimenyere

Igenekerezo rya 23 gitugutu 2021 niho yasubiye gushira indirimbo yiwe ku mugaragaro izwi kw’izina rya rya “Wanapenda”nyarukira kuri youtube yiwe uyirabira

Avuganye na indundi magazine yavuze ngo akari inyuma karahinda ngo umwanya yaramaze mugacerere urakwiye ibikorwa bigira bitangure kwivugira.

Gumana natwe tuzokumenyesha ivyo yavuze ko yabishize mu ngiro.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037