IKIRUNDI_news

Africa Nova agiye gusubira kuryohera abamukunda

Indirimbo zitari nke za Africa Nova zakunzwe haraheze igihe kitari gito, ziriko zirasubirwamwo. izo ndirimbo zikaba ziriko zisubirwamwo n’uwo muririmvyi nyene.

Imwe muriyo ni Mwiriwe yamaze gukorerwa Audio inashirwa ku rubuga rwiwe rwa YouTube rubarizwako izitari nke zakunzwe. Iyo ikaba iri mu zamaze gukorerwa amasanamu turindiriye gusa kubona.

Nkuko uwo muririmvyi yabishikirije ku rubuga rwa Facebook, ngo Indirimbo 2 zamaze gufatirwa amasanamu, ubwo zikaba zirindiriwe gushirwa kuri YouTube gusa.

Nkuko ubwo butumwa yasangije abandi bwavyerekanye, ngo izo ndirimbo ziriko zikorwa n’abarundi babarizwa muri Canada, kuko Ari naho hariko hakorerwa amasanamu y’izo ndirimbo.

Mwomenya ko Africa Nova Indirimbo ziwe zinaboneka ku mbuga zidandaza umuziki zitandukanye zisanzwe zimenyerewe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036