IKIRUNDI_news

SAT-B ngo yasabwe gukora arekane n’abavuga gusa

Abantu bahanuye Sat-b gukora gusumba kwishinga abavuga, ivyo bikaba bishikirijwe ku rubuga rwiwe Aho yariko amenyesha abantu ko Imana ariyo yamukuye mu bworo.

uwo muririmvyi arindiriweko Indirimbo yakoranye na Otile mu misi iheze, yavuze ko ariko avugwa ko yoba yarinjiye muri Freemason nkuko yavyivugiye. Ariko we akaba abona ko atarivyo kuko Imana igihari Kandi ikora.

” Ugaca wumva ngo mbaye #Freemason 🤭Burya Imana ntigikora ? Ko nzi ariyo yankuye mu bworo ! Uwutoyishima ni nde ?”

mu babashije kugira ico bashikirije kuri ubwo butumwa, bamwe bamusavye gukora cane, abandi bamusaba kubima amatwi, abandi nabo bamubwira ko ivy’urubuga Lynda Lacosta babizi ko ata kamaro.

Uwo muririmvyi akaba amaze imisi ariko arashusha akarere, kuko hari iyindi ndirimbo yiwe irindiriwe, naho bishoboka ugasanga asohoye iyindi imbere yuko asohora iyo bakoranye na Otile, kuko we akazi kadahagarara abandanya akora.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037