IKIRUNDI_news

Jose Chameleon ngo yasubiye kandi kwinjizwa ibitaro

Jose Chameleon ngo yasubiye kandi kwinjira ibitaro kubera ya ngwara yamusinzikaza mu misi iheze, nkuko amakuru ava muri Uganda abishikiriza. 

Uwo muririmvyi yaheruka gushirwa mu bitaro kubera ingwara yafashe kimwe mu bihimba vyiwe vyo munda, noneho agashirwa mu bitaro igihe kitari gito, ubu ngo ashobora ahubwo no kubagwa.

Nkuko ayo makuru abandanya abishikiriza, ngo uwo mugabo aheruka guhabwa imodoka yo mu bwoko bwa Range rover n’umukuru w’igihugu ca Uganda, ngo ashobora gusohorwa igihugu aho azoba ajanywe kubagwa, naho hataramenyekana neza igihugu azojanywamwo icarico.

Mwomenya ko uwo muririmvyi icateye ubwo bugwara ngo ari inzoga nyinshi yanyoye, zituma bimwe bimwe mu bihimba vyiwe vyo munda vyononekara.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037